KUMENYESHA INAMA NSANGIZANGENDO Y’ABEPISKOPI

Bakristu bavukanyi,
Nkuko twabibamenyesheje mw’ijambo ryo kwugurura umwaka w’ubutumwa, Umuvyeyi wacu Papa Francisko yarashinze yuko Inama Nsangizangendo y’Abepiskopi izohimbazwa mu ntambwe zitatu : intambwe ya mbere ibera muri diyoseze, intambwe ya kabiri ibera ku mugabane w’isi n’intambwe ya gatatu ibera muri Ekleziya ikwiye kw’isi yos

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17/10/2021 niho mu ma diyoseze yose hugururwa iyo Nama y’Abepiskopi. No muri Diyoseze yacu tuyugururira muri Katedrale mu Misa y’Isaha zitanu ku civuga cayo ngo : “Kugira ngo habe Ekleziya irangwa no kuja Inama Nsangizangendo : Isangiramutima kugira uruhara mu muryango n’ubutumwa”.

Icipfuzo ca Papa ni uko, abungere, abasaserdoti, abihebeyimana, abakristu balayike, igihugu c’Imana cose ata n’umwe avuyemwo, bose bagira uruhara muri iyo Nama Nsangizangendo. Na kare dusangiye umuryango, dusangiye urugendo rutujana mw’ijuru kw’ubw’ukwemera kumwe, ibatisimu imwe na Mutima umwe atugenza akatubeshaho. Ihangiro ry’iyo nama n’uko tutokwama tubivuga mu majambo gusa, ariko ni uko bihindura ingendo n’umubano wacu, bikabonekera mu kuganira no mu gusangira ijambo, guhimbariza hamwe ubuzima, gusangira ubutumwa no gusabikanya ivyiza Umukama aduha.

Umwe wese rero ahamagariwe kwumviriza neza ico Mutima Mweranda amubwira ngo asabikanye n’abandi, tubone neza inzira Imana itwereka muri ibi bihe nk’umuryango. Twarashinze umurwi ujejwe gutegura inama ku rwego rwa diyoseze. Uwo murwi washinze ko mu mpera z’uku kwezi kw’icumi uzoshikiriza imibano rukristu yose n’imirwi y’ubutumwa itandukanye ibibazo muzofatirako mu gutanga intererano n’ivyyumviro vyanyu. Imirwi yose n’Imibano yose izoheza ibizirikane mu mwiherero w’ubushikiro twimirije.

Ivyegeranyo vy’ivyo muzoba mwashitseko muzobishikiriza abarongoye paruwase yanyu imbere y’italiki 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2021. Icegeranyo ca paruwase kizoshikanwa muri uyo murwi ushinzwe gutegura iyo nama italiki 12 z’ukwa mbere 2022. Inama ku rwego rwa diyoseze izokorana mu ndwi ya nyuma y’ukwezi kwa mbere 2022.

Ndabipfurije Inama Nsangizangendo ibahuza ikabegeranya mwumviriza Mutima Mweranda agira vyose bishasha, gurtyo turangwe n’isangiramutima n’isangirabutumwa.

 Bikira Mariya Muvyeyi w’Ekleziya aduherekeze muri urwo rugendo. Umuhezagiro w’Imana Data, Mwana na Mutima Mweranda wamane namwe. Amen.

 

Bigiriwe mu Rutana, kw’igenekerezo rya 15/10/2021
†Bonaventure NAHIMANA
Umwungere wa Diyoseze ya RUTANA

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top