IGISABISHO CO GUSABIRA INAMA NSANGIZANGENDO

Ingo Mutima Mweranda, Wewe uvugisha indimi nshasha, ugashira amajambo y’ubuzima mu kanwa kacu, Dukingire kuba Ekleziya y’abarorerezi n’ingwizamurongo, aho ukwemera kutabonekera mu buzima no mu mirimo ya misi yose ngo ibone gutera imbere.

Kaze hagati yacu kugira ngo muri iyi Nama Nsangizangendo ntidutwarwe no kwihebura, ngo dufate minenerwe ijambo ry’ubuhanuzi Mutima atwosha ; ivyo tuzoganira vyose ntibiherere mu mpari ataco zidushikanako.

N’uze Mutima Mweranda w’urukundo, uhe imitima yacu kumenya kwumviriza.

Ingo Mutima w’ubweranda, nagura igihugu ceranda c’Imana.

Ingo Mutima Muremyi ugire isi nshasha. Amen.

 

 

Mgr Bonaventure NAHIMANA
Eveque de RUTANA 
B.P: 45 RUTANA-BURUNDI 
Tel: 00257 7947735
        25722 505118
Mail: nabimanah@yahoo.fr
        info@diocese-rutana.bi

        
 

Back to Top